Kayanza:’Yaciriwe gufungwa amezi atatu kubera gufungura imbwa yiwe’

0

Umuntu umwe wo mu ntara ya Kayanza yaciriwe gufungwa ikriingo c’amezi atatu kubera kuba ‘yishe imbwa yiwe kugira ayifungure’.

Ivyo bikaba bishirwa ahabona na Parke nkuru y’intara ya Bubanza mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi kuri uyu wa 23 Munyonyo 2020.

Uwo yagiriwe ashirwa ahabona n’ibinyamakuru ko yitwa Emile Ndayisenga yaciriwe no gutanaga amande y’amafaranga y’amarundi ashika ku 100 000 FBU.

Emile Ndaysienga akaba yagirizwa ‘kurenga ku ngingo zo kwigenza runtu’ mu Burundi mu kwica iyo mbwa hama akayifungura.

Uwo yagirizwa icaha akaba yemanga ivyo yagirizwa ariko akaba asaba ko yorekurwa akaja guhiga ayo mande asabwa yidegemvya.

Ubukene buribonekeza mu ntara zitari zike mu Burundi aho bamwe bamwe usanga bafungura rimwe ku musi kubera kubura utwo bafungura.

Ubwo reta mvyeyi na nkozi yoba igiye kuzogabanya ico twokwita ‘ikiza c’inzara’ ciganje mu mihingio itari mike y’Uburundi?