UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

CFOR-Arusha ivuga ko ata nyungu iriho mu kurungika abasirikare b’igihugu kurwana muri Kongo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye urunani Cfor –Arusha Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko Leta y’uburundi ata nyungu nimwe ironka mu kwisuka mu ntambara iri muri Congo.n’inyuma yaho umukuru w’igihugu afashe ingingo yo kurungika abasirikare b’igihugu mw’ibanga kurwana n’umuhari M23 muri Congo.

Frédéric Bamvuginyumvira agira ati:«Turibaza tuti nizihe mvo ziba zituma umukuru w’igihugu arungika abasirikare muri Congo,umuntu yokwibaza ko ari kubera muri Congo hariko harabera intambara,iyo ntambara igashobora guhindukirira uburundi mugabo kurungika abasoda muri Congo vyobuza iyo ntambara kuza mu Burundi?mbega nibande bari kurwanira muri Congo? benshi bavuga umuhari M23 mugabo muri Congo hariyo ibihugu vya rutura biriyo mu kwihigira ubutare nka Amerika n ‘uburusiya abo bose baravurwa muri yo ntambara.ikigoye kumenya nuko Leta ya Congo yagiranye amasezerano na Tschisekedi ariko abarundi akaba ata numwe azi ivy’ayo masezerano.uko biri kose umukuru w’igihugu yategerezwa kubanza kuja inama n’umukuru w’inama nsingamateka hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka ariko ivyo ntivyabaye».

Mubuseruko bwa Congo harangwa umutekano muke bivuye ku mirwi y’abarwanyi iri kurwana. uwuri kw’isongo ryambere akari umuhari M23.Umukuru w’igihugu yahisemwo kurungika abasirikare mw’ibanga kuja kurwana na M23.umuru w’igihugu yari akwiye kureka guhengamira kuruhande rumwe nyabuna akaba umuhuza mwiza kuko intambara ntu mahoro izana atari gusambura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments