Sunday, March 26, 2023
HomeNewsPartners for Peace and Prosperity iburira abategetsi b’uburundi ko igihugu gishobora...

Partners for Peace and Prosperity iburira abategetsi b’uburundi ko igihugu gishobora kurwa mu manga mu vy’ubutunzi.

Akari inyuma karahinda ngo mu gihe abategetsi b’uburundi bobandanya bahekera ku nyonzo mu kwiyibagiza amakuba igihugu kirimwo mu bijanye na politike n’ubutunzi. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe Partners For Peace and Prosperity ryasohoye kuri uyu wa kane ku gihugu c’uburundi.

Umuhinga muvy’ubutunzi André Nikwigize akaba ari n’umuyobozi nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe amenyesha ko bashoboye kumenya indwara zirenga 10 zisinzikaje ubutunzi bw’igihugu c’uburundi kandi zishobora no gutuma ivyahuha bihuhuka ata gikozwe mu maguru masha.

Izo ndwara cumi zizingamitse ubutunzi bw’uburundi kubwa Partners for Peace and Prosperity akaba ari izi zikurikira:
1.Uguhungabana kw’inkingi zatuma kuva kera abarundi babana mu mahoro, izo nazo akaba zari izi: Amahoro kuri bose, Ubumwe, ukurekuriranira, ubutungane kuri bose.
2.Ubukene bwibonekeza mu gihugu cose.
3.Ibiciro vy’ibifungurwa vyaduze ku rugero rudasanzwe bigatuma ibindi vyose navyo biduga ndetse bigatuma n’ubukene bwiyongera.
4.Ubukene bwasinzikaje imiryango hamwe n’urwaruka mu miji.
5.Ingene Leta yitwaye mu gushigikira abarundi muri ca kiza giheruka ca Covid-19.
6.Ukwo Leta yigenje mu gukingira uburundi ingaruka z’intambara ihuza Uburusiya na Ukraine mu butunzi bw’uburundi.
7.Ibura ry’umuyagankuba n’ingaruka zavyo .
8.Amadeni y’umurengera azingamitse ubutunzi bw’igihugu, amadeni uburundi buheranye akaba ari menshi cane.
9.Amapolitike adatomoye yerekeye iringanizwa ry’ifaranga ry’uburundi .
10. Ruswa yabaye ndanse mu gihugu.

Kuri ivyo, Icegeranyo ca Partners for Prosperity gisaba Leta gushira mu ngiro ivyiyumviro bitanu kugira ngo igihugu gishobore kuva muri iyo manga. “Umugambi wa mbere woba uwo kugarukana amahoro arama no gusabikanya kuri bose. Vyanse bikunze, nta zamuka ry’ubutunzi bw’uburundi rizoboneka ata mahoro arama ariho. Umugambi wa kabiri woba ukugarukira uburimyi kugira abarundi baronke ivyo bafungura bikwiye. Umugambi wa gatatu n’uko Leta yofata ingamba zikomeye zo kuzamura ubutunzi mu bisata vyose . Umugambi wa kane woba uwo gushira imbere intwaro ibereye no kurwanya ruswa no gusesagura itunga ry’igihugu. Umugambi wa gatanu ari nawo wanyuma woba uwo gusanura imigenderanire myiza mu karere no mu makungu” Niko André Nikwigize ari mu barongozi ba Partners for Peace and Prosperity asigura.

Must Read