Mw’itangazo ryaraye rishizwe ahabona kuri uyu wa gatandatu n’ishirahamwe rihingura isima BUCECO, rimenyesha ko kuva kuri uyu wa mbere Myandagaro 2023 umufuko w’isima wo mu bwoko bwa R32.5 ugiye kugurwa ibihumbi 38, ukaba wahora ku 28.500 . Nayo uwo mu bwoko bwa R42.5 wavuye ku bihumbi 34 ushirwa ku bihumbi 48. Ni inyuma yaho hari haciye imisi mike ibiciro vy’ibitoro hamwe n’isukare ihingurwa na SOSUMO bidugirwe ibiciro na vyonyene. Abanyagihugu baba mu mihingo itandukanye y’igihugu twavuganye bose berekana umwiheburo kw’ejo hazoza hamwe n’amaganya bitewe n’ubuzima bagiye kubamwo kubera iryo duza ry’ibiciro ry’ivyankenerwa.
«Badugije isima novuga ko ntokorwako cane n’iduzwa ry’igiciro cayo kuko nubaka gake kandi hubaka abifise. Ariko badugije igitoro twese turashikirwa naho twogenda n’amaguru kuko ibintu vyose dusuma bica biduga ibiciro ku rugero rwo hejuru. Ni co kimwe n’isukare kuko umukate canke ibitumbura tukoresha mu gatondo tunywa icayi navyone bica biduga. Ndabona Leta iduhevye kabisa. Ndabona yohigira amahera ahandi Atari ukutubohera amaboko mu mugongo» Bivurwa n’umwe mu banya gisagara ca Bujumbura.
Izina ryiwe ni Bikorimana Jean Bosco wo mu gisagara ca Gitega tukaba twamuhinduriye izina ku mvo z’umutekano wiwe, wewe abona ko Leta harivyo yiyicisha amatwi kandi iyo ibikorerako abarundi ntibogiye mu bihe bigoye vy’ubutunzi nk’ibi :« jewe nari numviseko abazungu badukuyeko ibihano duca turiruhutsa ariko uwo mwizero wamaze umwanya urume rumara. Twahavuye tumenya ko Leta yacu yanse gushira mu ngiro ivyo yasabwe. Aha twovuga nko kuganira n’abanyepolitike bahunze igihugu maze bagatahuka mu kubaka igihugu ngo Leta yagumye idadaza ko batapfa bicaranye. Jewe nabona inzira yo kuganira ariyo yamye iranga abantu bari mu matati kugira ibintu bisubire kugenda neza. None nkubu ninde ariko arunguka canke ariko arahomba kuba iyo nzira yo kuganira yaranswe? Si twebwe tugire tuhabonere amabwa?»
Uw’umunyagihugu nawe wo mu ntara ya Rumonge wewe abona ko nivyo Leta iheruka kuduza nubu biguma bibandanya kubura. Kubwiwe ngo Leta nihigire amakori ahandi ariko ireke kuniga abanyagihugu.Aha aravuga nko ku kijanye n’uko abakozi bose bahembwa umushahara urenga umumiriyoni umwe w’amarundi boriha ikori nkuko mu bindi bihugu babikora maze nabo basahirize ikori umunyagihugu agiye kuza aratanga. «nkubu turabona ko iyi yoba ari intango , n’ibinyobwa vya BRARUDI aho bigeye guca na vyone biduzwa vuba, mu nyuma hakwirikire n’ibindi. None mubona tuzoba turiko tuja he ga yemwe? Amikoro yacu aguma ari yayandi ariko ibintu biriko biduzwa ukwo bukeye uko bwije , ahacu h’ejo hagiye kumera gute?»
Tubamenyeshe ko ku miriyaridi 3.952 n’imiriyoni 900 Leta igiye gukoresha mu mwaka wa 2023-2024, n’uko Leta y’uburundi itegekanya kuduza kandi itagisi ku mparati z’amapikipiki, itabi hamwe no ku materefone ngendanwa kugira yuzuze igihengeri c’imiriyaridi zirenga 720 . Bikaba vyatangajwe mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta Audace Niyonzima hari igihe yari mu nama nshingamateka asigura amafaranga Leta igiye gukoresha mu mwaka wa 2023-2024.
Recent Comments