UBM News ads

Perezida wa Tanzaniya Suluhu Hassan Yiyemeje Kwegera Abatavuga Rumwe n’Ubutegetsi arongoye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Perezida mushasha wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, yavuze kuri uyu wa kane ko yipfuza kwegera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu ntumbero yo guharanira demokarasi n’agateka ka zina muntu.

Yabwiye abashingamateka ko uburenganzira bwa demokarasi hamwe n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ari nkenerwa mw’iterambere n’amahoro.

Perezida Samia, yabaye umuperezida wa mbere w’umukenyezi atwaye Tanzaniya mu mateka yico gihugu kuva mu kwezi kwa gatatu 2021, yavuze ko agiye kuzoganira n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi arongoye ku kuntu bokora ibikorwa vyabo vya poritike ku nyungu z’igihugu.

Tanzaniya izwi nk’igihugu kirangwamwo umutekano no gushikira ubutegetsi hisunzwe demokarasi ugereranije n’ibihugu bibanyi, ariko amakungu yakunze kunegura nyakwigendera John Pombe Magufuli ko atorohereza abatavuga rumwe nawe.

Ibimenyeshamakuru bitari bike vy’abanyamahanga ntivyemerewe gukorera muri Tanzaniya mu gihe c’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020, ayo yatsinze manda ya kabiri mu myidogo y’abatavuga rumwe nawe bavuga ko bakumiriwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments