Leta zunze ubumwe za Amerika zaraye zikuyeho ibihano vyari vyafatiwe igihugu c-uburundi bijanye no kubima impusha bita ˮVISA‟ abarundi bose bipfuza kwinjira mw-ico gihugu.
Ubuserukizi bw-igihugu ca Leza zunze ubumwe za Amerika I Burundi bwamenyesheje ko ikenguruka n-ivyakozwe n-ubutegetsi bwa perezida Ndayishimiye Evariste kugira iyo ntambwe ishikweko.
Tubibutse ko ivyo bihano vya Leta zunze ubumwe za Amerika vyari vyashizweho mu mwaka w-2020 kuri Leta y-uburundi mu gihe yari yase kwakira abanyagihugu bayo bari baherutse kwirukanwa mw-ico gihugu ca Amerika bitumwe ko bari bahabayeho batakwirikije amategeko.





Recent Comments