UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Perezida vladmir Poutine yahaye ubwenegihugu bw’uburusiya Joseph Butore.

Umukuru w’igihugu c’uburusiya Vladmir Poutine yaraye ahawe ubwenegihugu bw’uburusiya uwahoze aricegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’uburundi Joseph Butore. Itangazo riha ubwenegihugu Butore rikaba ryasohotse kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Gitugutu 2022.

“Joseph Butore , yavutse kuwa 14 Ndamukiza 1969 mu gihugu c’uburundi” niko vyanditswe ku rutonde rw’abantu bahawe ubwenegihugu bw’uburusiya.
Mw’ibwirizwashingiro rishasha ry’uburundi ryo mu mwaka wa 2018 riratomora neza ko umurundi afise ubwenegihugu bubiri atemerewe kuja mu mabanga akomakomeye mu gihugu nk’ayo gufata ingingo mu gihugu. Ni ukuvuga ko Joseph Butore nawene arabwa n’iyo ngingo.

Joseph Butore yabaye icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 gushika mu 2020 hari ku ntwaro y’umuhisi Perezida Nkurunziza. Ubu Butore akaba ari umushingamateka yatowe mu ntara ya Cibitoke .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments