Thursday, December 1, 2022
HomeNewsAmashirahamwe afasha mwiterambere niyo agiye kuzoza arihira amafaranga abajejwe intwaro iyo...

Amashirahamwe afasha mwiterambere niyo agiye kuzoza arihira amafaranga abajejwe intwaro iyo bagiye ku rubuga.

intwaro bose bagiye kuzoza barihirwa n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi amafaranga yo kuja ku rubuga.Iyo ngingo ikaba yafashwe kuri uyu wa mbere w’indwi twasozereye hagati y’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca n’aba buramatari b’intara zigize uburundi. Abaserukira ayo mashirahamwe kubwabo bakaba babona ko ari igiturire kigiye kuzohora gitangwa izuba riva ata kwinyegeza.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Mu ntara zimwe zimwe ba buramatari baratanguye kubibwira abo vyega .Ni nk’intara ya Rumonge aho buramatari yakoranije abafasha mu vy’ubuhinga n’uburyo bakorera muri iyo ntara . Consolateur Nitunga akaba yabategetse ko kuva ubu aribo bazohora batanga uburyo akoresha mu kuja kurima ku rubuga co kimwe n’abamusitanteri b’amakomine.

Intumbero y’abajejwe intwaro baja ku rubuga ni ukuraba aho imigambi y’amashirahamwe mpuzamakungu igeze hamwe n’ishirwa mu ngiro ryayo. Kugira ngo ntihabemwo ubusuma, Abo bafasha mw’iterambere bategerezwa gutomora neza igitigiri c’amahera hamwe n’uburyo butegekanirijwe igikorwa ico arico cose mu karere. Ivyo , ngo kugira biborohere gushira uburyo mu bikorwa vyom kuja ku rubuga ku bajejwe intwaro. Ayo mashirahamwe kandi ategerezwa kwerekana neza imigambi yose ikorerwa muri komine iyo ari yose canke mu ntara.

Abafasha mw’iterambere no muvy’uburyo bemeza ko iyo ngingo nshasha izogira ingaruka mbi zikomeye mu bijanye no gushira mu ngiro imigambi y’iterambere kuko uwutanga uburyo adashobora gutegekanya amafaranga yo guha abategetsi baja ku rubuga.

Must Read