Tuesday, March 28, 2023
HomePoliticsGervais Ndirakobuca cokimwe n’abandi bantu babiri bakuweko ibihano n’ubumwe bwa buraya.

Gervais Ndirakobuca cokimwe n’abandi bantu babiri bakuweko ibihano n’ubumwe bwa buraya.

Umuryango w’ubumwe bwa buraya wakuyeho ibihano wari wafatiye mu mwaka wa 2015 abategetsi babiri bari muri Leta y’uburundi harimwo umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca hamwe n’umwe ari mu barwanya ubutegetsi bw’uburundi. Hakaba uyundi yasigaye agumijweko ivyo bihano.

Nkuko tubisanga mw’itangazo ryasohowe n’ubumwe bwa Buraya, Abo bategetsi bakuweko ibihano ni :Gervais Ndirakobuca batazira “Ndakugarika” aherutse kugenwa mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere hamwe na Godefroid Bizimana asanzwe ari umuyobozi ajejwe ibibazo vy’ingendo mu biro vy’umukuru w’igihugu. Uyundi yakuweko ivyo bihano ni Leonard Ngendakumana asanzwe ari mu barwanya ubutegetsi bwa Gitega iki gihe akaba ari mu buhungiro. Abo babiri ba mbere basanzwe bari muri Leta ya Perezida Ndayishimiye bagirijwe n’ubumwe bwa buraya guhohotera bikabije abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca Gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza. Uwa gatatu ni intwazangabo Leonard Ngendakumana, uwo nawe akaba yagirijwe n’ubumwe bwa buraya kuba mu mwaka wa 2015 yari yemangiye icese ko ariwe arongoye abateye ama gerenade mu gisagara ca Bujumbura.

Ibihano bikaba vyagumijwe kuri Joseph-Mathias Niyonzima batazira “Kazungu”, uwo nawe akaba ari umukozi w’iperereza asanzwe yagirizwa ivyaha bikomeye cane harimwo kunyuruza abantu bakaburwa irengero , kugandagura no guhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Tubamenyeshe ko ivyo bihano vyakuweho vyari vyerekeye gufata amatungo y’abo bantu ari I buraya hamwe no kubabuza gutembera ku bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa buraya.

Must Read