Muri uku kwezi kwa Munyonyo niho hategekanijwe inama izohuza abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko EAC. Bikaba bitegekanijwe ko Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye asubirizwa mu burongozi bwa EAC na Perezida Salva kiir wa sudani y’epfo. Ni inyuma yaho Perezida Ndayishimiye ikiringo ciwe co kurongora uwo muryango kimurangiranye mu kwezi kwa Mukakaro uy’umwaka turimwo.
Nkuko dukesha iy’inkuru ikinyamakuru The Eastafrican co mu gihugu ca Kenya, Iyo nama y’abakuru b’ibihugu bigize EAC izobera mu gihugu ca Tanzaniya ku magenekerezo ya 23 gushika kuya 24 2023, bikaba bitegekanijwe kandi ko abo bakuru b’ibihugu vya EAC bazoganira ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere ndetse n’ibijanye n-irwizwa ry-ibifungurwa.
Perezida Kiir agiye kurongora EAC mu gihe uyo muryango usanzwe urimwo uca mu ngorane z’umutekano muke. Aha twovuga nk’intambara zimaze igihe zibica bigacika mu buseruko bwa Congo aho umuhari M23 urwanya Leta ya Congo uriko utera wigarurira ibice bitari bike vyo mu ntara ya kivu y’uburaruko. Umuryango wa EAC ukaba wagiye urafasha harimwo no kurungika zimwe mu nteko zawo kugira hatorerwe inyishu ku kibazo c’uwo mutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo ariko biragaragara ko ubwo bwigoro bwose bwa EAC ata kiriko kivamwo.
Recent Comments