UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Igisirikare c’uburundi gitangaza ko kitagiye kurera amaboko ku nyifato mbi kimaze imisi gikorerwa n’umuhari M23.

Igisirikare c’uburundi caratangaje kuri uyu wa kane igenekerezo rya 9 Munyonyo 2023 ko kidashobora kwihanganira na gato ibikorwa vy’umuhari M23 ubandanya ukora, aho ngo bibangamira ingabo z’uburundi ziri mu bikorwa vya EAC vyo kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo EACRF.

Mw’iryo tangazo, Umuvugizi w’igisirikare c’uburundi Col. Floribert Biyereke yamenyesheje ko inyuma yaho umuhari M23 n’iyindi mihari bisubiriye gutana mu mitwe mu bice vy’intara ya kivu ya ruguru, ivyo bikorwa vyarabangamiye ingabo z’akarere ka EAC na cane cane iz’uburundi,aho ngo ku magenekerezo ya 21 na 30 Gitugutu 2023, umuhari M23 wabujije imodoka z’abasirikare b’uburundi bari muri EACRF zari zijanye ibifungurwa kwinjira mu birindiro vy’izo ngabo ziri mu burere bwa Kitchanga na Mweso.

Uwo avugira igisirikare c’uburundi yavuze ko ico kibazo bakimenyesheje ibiro bikuru vy’ingabo za EACRF kugira umuti izo ngorane ariko ngo ntivyashoboye kwumvisha uwo muhari ngo wugurure iryo barabara.

Kubw’ivyo rero, Igisirikare c’uburundi kikaba caciye kimenyesha ko kidashobora kuguma cihanganira ingendo nk’iyo . Ko rero, izo ngabo zaco ziri mu butumwa bwa EACRF zitegerezwa gufata ingingo zibereye.

Tubamenyeshe ko iri tangazo igisirikare c’uburundi kirisohoye inyuma yaho umuhari M23 werekaniye ku mugaragaro abasirikare bivurwa ko ari ab’uburundi bafatiwe mu mirwano ikomeye yabaye kuri uyu w’Imana uheze muri teritwari ya Masisi, aho hari n’abandi basirikare b’uburundi bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima mw’iyo ntambara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments