Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yararengutse imbere y’ubutungane ku musi ugira gatatu. Kuri uyu wa gatatu, Bunyoni akaba yagirijwe icaha co guha amafaranga mvamakungu kw’ishirahamwe ryo hanze karuhariwe mu kwica kugira rigandagure umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye.
Uwaserukiye Leta mw’urwo rubanza ntiyavuze ariko iryo shirahamwe ukwo ryitwa canke igihugu ririmwo. Akaba yagirije Bunyoni ko yatanga ayo mafaranga ukwo yishakiye kandi ku bantu yigombeye.
Kuri ico caha nyene co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, Alain-Guillaume Bunyoni yagirijwe kuba mu mahera y’umurengera mvamakungu yarafise yarishe Col.de police Desiré Uwamahoro bapfungiwe mw’ibohero rimwe kugira ngo amufashe mu mugambi wo gutembagaza inzego zatowe n’abanyagihugu.
Nkuko dukesha iy’inkuru ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Bunyoni akaba kandi yagirijwe ku nyifato itabereye yo kubika amafaranga y’agaciro kandi menshi ku muhana iwe, ngo ivyahavuye bihungabanya ubutunzi bw’igihugu ndetse inatuma ibijanye no kuvunja amafaranga mvamakungu bitera biba nabi.
Nyene kwagirizwa ico caha yavuze yisigura ko ivyo vyagiriji bitagira ifatiro na gato aho yagize ati :«Nta tegeko na rimwe rimbuza kubika amanoti mu nzu iwanje kugira nshobore kwikenura».
Ikindi caha yisiguye Bunyoni, ni ikijanye no gukoresha ububasha ahabwa n’amategeko kugira ashike ku ngungu ziwe. Sentare ikaba yagirije Bunyoni nk’uwaserukira Leta yapangishije inzu y’umugore wiwe maze ikotwa n’ubushikiranganji bw’umutekano yarongoye incuro zibiri. Iyo nzu iri mu gisagara ca Bujumbura ngo ikaba yarihwa buri kwezi imiriyoni 15 z’amarundi. Naho nyene, Bunyoni akaba yahakanye ivyo yagirijwe aho yasiguye ko atigeze na rimwe asinya mu bijanye n’ubwo bukote.
Kuri uyu wa kane, Urwo rubanza rukaba ruza kubandanya ruburanishwa hariya mw’ibohero rikuru rya Gitega ahafungiwe Bunyoni n’abo bagirizwa ivyaha bimwe. Kuri uyu wa gatatu, Alain-Guillaume Bunyoni yireguye ku vyaha bibiri arivyo :Uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu no gukoresha ububasha ahabwa n’amategeko kugira ashike ku nyungu ziwe.
Recent Comments