Umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto yaravuganye kuri uyu wa gatanu na Joseph Ntakarutimana arongoye inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EALA. Umukuru w’igihugu ca Kenya akaba yahamagariye ko haba isubirwamwo ry’amategeko agenga umuryango wa EAC kugira bayashire ku gihe ca none kigenga uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru AfriquActu co kuri uyu wa gatanu,ngo itegeko rigenga EAC rihari ubu ryateweko umukono kuwa 30 Munyonyo 1999 maze rishirwa mu ngiro kuwa 7 Mukakaro 2000 inyuma yo gushirwaho no kwemezwa n’ama Leta atatu:Kenya, Tanzaniya na Uganda.
“Itegeko rishasha rigenga umuryango wa Afrika y’ubuseruko ryategerezwa guhinyanyurwa kugira rikore ku bihugu vyose bigize EAC umuntu afatiye ko ivyo bihugu vyose bifise imico itandukanye, na cane cane ururimi. Somaliya ishobora kwemererwa kwinjira mu muryango inyuma y’ibikorwa vyo kuyisuzuma ko ikwije ibisabwa. Birashoboka kandi ko na Etiyopiya na Sudani bihamvya EAC” Niko Perezida William Ruto yavuze.
Ku bwiwe, Umukuru w’inama nshingamateka ya EALA yarumvishije Perezida wa Kenya ko ikoreshwa ry’indimi z’igiswahili n’igifaransa ko ariryo ryoshirwa imbere muvyo hinyanyurwa . Joseph Ntakarutimana akaba atashima ikoreshwa ry’ururimi rw’icongereza rwonyene kuko biri mubizana intambamyi mukuvugana kwumvikana mu nama y’amakoraniro ya EALA ubu igizwe n’abashingamateka ba Congo Kinshasa , ico gihugu kikaba gisanzwe kiri mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa.
Tubamenyeshe ko umuryango wa Afrika y’ubuseruko ugizwe iki gihe n’ama Leta indwi, ariyo:Uburundi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Kenya, Urwanda, Sudani y’Epfo, Uganda hamwe n’igihugu ca Tanzaniya gisanzwe arico gifise icicaro ca EAC kiri mu gisagara ca Arusha. Igihugu ca Somaliya kikaba carasavye ko cokwinjira mw’uwo muryango ariko kikaba kiriko kirasuzumwa ko gikwije ibisabwa kugira cemererwe kwinjira muri EAC.
Recent Comments