Perezida Paul Kagame ashira igihugu c-uburundi m-umurwi umwe w-ababangamiye u Rwanda.

0

Ku  kinyamakuru jeune Afrique candikirwa mu gihugu c-ubufaransa, umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame amenyesha ko ahangayikishijwe n-uburyo ukuntu umubano w-igihugu arongoye hamwe n-igihugu c-u Burundi  warutanguye kuba mwiza ariko ngo nyamara igihugu c-uburundi kikaba kibandanya gucumbikira nogufasha abarwanya ubutegetsi bw-u Rwanda.Paul Kagame : « Tshisekedi, Kabila, Macron, Touadéra, ma famille et moi » – Jeune Afrique

Umukuru w-igihugu c-u Rwanda Paul Kagame  mu majambo yiwe yavuze atya: ˮ Ukaba ushigikiye umwe mu bansi bangwanya, ni ukuvuga  ko bisigura nca nza kugira ingorane zitewe n-abantu babiri ntegerezwa guhangana nazo: uwujabuka urubibe akaza kuntera hamwe n-uwushigiye uwo antera‟

Ayo majambo yavuzwe na Perezida Paul Kagame kuruwu wa kabiri inyuma y-ibitero vyakozwe  n-umuhari FLN  mu karere ka Rusizi, mu Bweyeye, muburengazuba bushira ubumanuko bw-u Rwanda. Igisirikare c-urwanda cemeje ko abateye bavuye bongera bahungira i Burundi. Ariko igisirikare c-uburundi coco kikaba carabihakanye civuye inyuma ko kitashigikiye umuntu uwari wewese yoba afise umugambi wo gutera igihugu c-u Rwanda.