Ubuserukizi bw-igihugu c-ububirigi i Bujumbura buburira abantu babwo ko boguma muhira iwabo kugutinyira umutekano muke inyuma y-ibitero vya gerenade .

0

Bubicishije k-urubuga rwa Twitter, ubuserukizi bw-igihugu c-ububirigi I Burundi buri  mu gisagara ca Bujumbura bwahamagariye abantu babwo bagizwe n-abakozi b-ubwo buserukizi hamwe n-abanyagihugu bo mw-ico gihugu ko boguma  mu mihana yabo kugutinyira umutekano muke utewe n-iterwa ry-ibisasu ntezwantoki  mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura.Le Burundi retire à l'ambassadeur de Belgique son "agrément": une source interne confirme

Iryo tangazo rivuga uku: ˮKubw-amakuru yo kwizera, ibisasu ntezwantoki bitatu vyumvikanye kw-aka kagoroba mu bibanza bitatu  vyo mu gisagara ca Bujumbura hagati y-isaha ya 19h30 na 20h neza na neza mu kibanza c-ibituro vy-imiduga yo kwunguruza abantu, mu kibanza c-isoko ya COTEBU hamwe no kw-ibarabara rya Peuple Murundi, Rero bisabwe ko umuntu wese yo guma iwe mu kugira ntahure n-isanganya iturutse kw-ivyo bitero‟

Tubamenyeshe ko ivyo bitero bishitse inyuma yaho kuva kuruwu wa mbere  mu gihugu c-uburundi neza na neza mu gisagara ca Bujumbura hariko habera inama mpuzamakungu y-ishirahamwe ONU yerekeye ibibazo vy-umutekano muri afrika yo hagati. Inama izomara imisi itanu ikazorangira kuwa 28 Rusama uy-umwaka.