Perezida Paul Kagame aripfuza guhura imbonakubone na mugenziwe w-uburundi.

0

Umukuru w-igihugu c-urwanda  Paul Kagame yamenyesheje mugenzi we w-uburundi, Perezida Evariste Ndayishimiye ko yipfuza  ko bohura mu maso muyandi mu rwego rwo kwigira hamwe ukwo umubano w-ibihugu vyompi worushirizaho gukomera.Burundi – Rwanda : vers un bras de fer entre Evariste Ndayishimiye et Paul  Kagame ?

Bigaragarira mu butumwa umukuru w-igihugu c-urwanda yandikiye Perezida Ndayishimiye igenekerezo rya 28 Ruheshi 2021 amusubiza kubutumire yari yahawe ngo azokwitabire ibirori vy-isabukuru y-imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye. Perezida Kagame yamenyesheje Ndayishimiye ko atazoza gusa azorungika umushikiranganji wiwe wa mbere Edouard Ngirente yitabire ivyo birori.

Mu bwo butumwa, umukuru w-igihugu c-urwanda aripfuriza  Perezida Ndayishimiye n-abarundi muri rusangi amahoro n-iterambere.

Mu mpera y- ubwo butumwa,  Perezida Paul Kagame  yabwiye perezida w-uburundi  ati :ˮ Nditeze uwundi mwanya  wo kuzohura nawe kugira twigire hamwe uburyo twokomeza umubano wa kivandimwe uri hagati y-ibihugu vyacu‟.