Perezida Ndayishimye yipfuza ko uburundi butoguma bwiyugaranye ko bukwiye gukorana n-ibindi bihugu.

0

Mu gihe kuwa 30 Ruheshi ariko ashikiriza ijambo abarundi rijanye n-umusi mukuru wokwigina imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye, Umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ukwikukira nyakwo atari ukwigendako ahubwo ko uburundi bukwiye ko kugira imigenderanire n-ayandi makungu kugira bafashanye.Célébration du 58ème Anniversaire de l'indépendance du Burundi de 2020 -  Ministère des Affaires Etrangères du Burundi

Mw-iryo jambo , Perezida Ndayishimiye arongera akavuga ukwikukira nyakwo  si ukwiyubakirako nka nyabumba  ni ukugira igihagararo mu bandi ariko abarundi bakanka agasuzuguro, ni ukwugurura amarembo kugira abandi babamenye , bamenye amateka yabo.

Kw-iryo jambo ryashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi hari bamwe barikengurutse bafatiye kukuntu igihugu c-uburundi kuva mu mwaka w-2015 aho hadukiye indyane za politike  igihugu caciye giharirwa ivomo  ndetse kinafatirwa ibihano vy-ubutunzi n-ibihugu bimwe bimwe vya rutura vyo kw-isi. Bakizera ko uburundi bugiye gusubira gukorana n-ibindi bihugu  kugira buve mu bukene busigaye bwabaye ndase.