Igitero co mu Rutegama: Abishwe barashinguwe mw-ibanga ntangere , terefone zirabuzwa gukoreshwa.

0

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 30 Ruheshi 2021, niho hashingurwa bishigikiwe na Leta bamwe mu basize ubuzima mu gitero ca kozwe n-abitwaje ibirwanisho ku musozi Munanira, uri muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya. Abashinguwe bakaba bagera kuri 14. Bikavurwa ko hari n-ibindi biziga bikiri mu buruhukiro bitarashingurwa. Abantu batari bake bagizwe n-abagabo n-abakenyezi baje bava mu ntara zitandukanye z-igihugu c-uburundi  barahuriye ku bitaro vy-i Muramvya , ahari habitswe abo bagandaguwe. Amosozi ,intuntu n-agahinda n-ivyo vyaboneka mu maso y-abo bari baje gushingura ababo.May be an image of one or more people, people standing and outdoors

Abari mw-uwo muhango bari bahawe itegeko ko atawemerewe gukoresha terefone iyari yo yose yaba gufotora amasanamu canke kwitaba. Urwaruka rw-imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD rwaguma ruzunguruka mu bantu ruraba ko ata numwe ariko akoresha terefone yiwe.

ˮTwagombe tubasabe ntihagire n-umwe afata isanamu. Hariho abo twabitumye. Baraza kubikora. Uwihenda agafata ifoto arahanwa vy-akarorero kandi na terefone yiwe ngendanwa irafatwa‟  Niko vyashikirijwe n- umwe mubariko batanga amajambo. Naho vyari uko, umwe mubo  mu muryango wabuze yitavye terefone bagomba bayifate  yaravyanse yivuye inyuma.

Tubamenyeshe ko ata kimenyeshamakuru na kimwe gikorera mu Burundi cari cemerewe  gukurikirana uwo mugirwa. N-uwuserukira  itororokanizo ry-amakuru mu ntara ABP yarabujijwe  gufata amasanamu. Kiretse abapolisi  bari mu murwi ujejwe kumenyesha amakuru  mu bushikiranganji  bujejwe  umutekano nibo bonyene bafashe amasanamu.

ˮAriko none  Intwaro igomba kunyegeza iki? Nta nakimwe bigeze babwira ibimenyeshamakuru. Abategetsi bemeje ko hapfuye abantu babiri gusa. Nukuri birateye ubwoba . Leta nitubwire ibiriko biraba mu gihugu cacu . Birarenze urugero‟ Niko umwe  mubaraho  yigana ashavuye.

Uwaserukiye Leta y-uburundi mw-uwo mugirwa yamenyesheje ko ivyakozwe ari ubunyamaswa atazina boronka babuha. Leta yaserukiye yemereye abari ngaho amatohoza  ko ariko arakorwa. Abakoze ubwo bwicanyi  bazofatwa ko kandi vuba bagiye kubimenyeshwa.