Tanzaniya= Umukuru w-igihugu Samia Suluhu Hassan niwe aramutswa ubu umugambwe uri k-ubutegetsi CCM.

0

Mu matora yaraye abaye kuri uwu wa 30 Ndamukiza, Perezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan yaraye atowe ku majwi 100% kugira abe umukuru w-umugambwe Chama Cha Mapinduzi uri k-ubutegetsi kuva 1977 ushinzwe.President Samia elected CCM new party chairperson - The Citizen

Umukuru w-igihugu Samia Suluhu akaba abaye umugore wa mbere arongoye umugambwe CCM akaba kandi abaye umukuru w-umugambwe agira gatandatu awurongoye. Twobamenyesha ko kuva ahora umuhisi perezida Magufuli asandabiye uwo mugambwe nta numwe yarawurongoye.

Abakurikiranira hagufi politike y-igihugu ca Tanzaniya bavuga ko iyo ndongozi nsha ishobora guhindura bamwe na bamwe mubayobozi b-uwo mugambwe kugira bimworohere kukora imigambi yiwe yateguye ku gihugu.