Perezida Ntibantunganya aragirizwa n-abamwe ko ariko arakoreshwa n-ubutegetsi kuvy-ubwicanyi bwo mu1972.

0

Kuva kuwa 29 Ndamukiza uy-umwaka turimwo, inama Nkenguzamateka y-uburundi imaze imisi ikoresha urukwirikirane rw- ibiganiro kubijanye n-ukwibuka hamwe no kuha izina ubwicanyi bwakorewe umurwi w-abarundi wo m-ubwoko bw-abahutu. Murivyo biganiro bimaze imisi bitunganywa n-inama nkenguzamateka, uwahoze arongoye uburundi perezida Sylvestre Ntibantunganya niwe atumirwa nk-umuhinga muvya kahise ngo asigure kuvy-ubwo bwicanyi bwakozwe mu mwaka w-1972  ukwo bwagenze. ntiba - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Kubona Perezida Ntibantunganya ariwe amaze imisi asigura ndetse anatanga umuco kubwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972,  bamwe n-abandi ntabwo babishima bafatiye k-ukuba uwo yahoze arongoye uburundi yoba  ariko arahengamira k-uruhande rumwe bigatuma bihuvya kumenya ukuri  kuvyabaye ico gihe, kuko hari n-umurwi w-abarundi wo mu bwoko bw-abatutsi bishwe ariko ngo ubu bitashimwa kuvugwa. Ikindi ngo  biraboneka ko perezida Ntibantunganya ariko akoreshwa n-ubutegetsi buhari iki gihe mu ntumbero yo kwereka abarundi bo m-ubwoko bw-abahutu ko buriko burabavugira bitume buronka ukwizigirwa kwa cane mu kuguma k-ubutegetsi.

Novat Nintunze ari mubarokotse m-ubwo bwicanyi bwo mu mwaka w-1972 ndetse akaba yarananditse igitabo co k-ubwo bwicanyi, amenyesha ko Perezida Ntibantunganya ivyariko avuga nk-umuhinga mu vya kahise k-ubwo bwicanyi  atarivyo na gato kukubera ko ikiza co mw-uwo mwaka canahitanye n- abarundi bo mu bwoko bw-abatutsi  na cane cane abo mu ntara z-ubumanuko za Makamba na Bururi. Ikindi ngo kubona Ntibantunganya nawene ari mu babuze ico gihe usanga aca avuga ukwo ibintu avyumva agashiramwo n-ibishobisho hamwe n-agashavu yibutse kuvyo yakorewe, mu nyuma bigaca biza gutanga inkuru n-umuco bihengamiye k-uruhande rumwe kandi atariko vyategerezwa kumera nk-umuhinga.

Kubwa Novat Ntintunze ,Kuvyari kuba vyiza ngo Perezida Ntibantunganya ntiyari gutumirwa  nk-umuhinga mw-ivyo biganiro bimaze imisi bitunganywa n-inama nkenguzamateka y-uburundi ko ahubwo yari gutumirwa nk-uwushinga intahe kuvyabaye ico gihe kukubera ko nawene ari mubabuze.

Tasiyano Sibomana, Umunyepolite yigenga ndetse atavuga rumwe n-ubutegetsi amenyesha ko ibizova mw-ico gikorwa  c-inama Nkenguzamateka iriko ikora mu kumenya ukuri kubwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972 bizotera agatima k-inzigo no kwihorahorana mu barundi. Ikindi ngo hariko hakoreshwa ikinyoma ceruye mw-ico gikorwa co kumenya ivyabaye uwo mwaka kuko ngo ico kiza carahitanye n-abarundi bo m-ubwoko bw-abatutsi ariko agatangazwa n-uko Perezida Ntibantunganya avugira uruhande rumwe arimwo kandi yategerezwa gutanga umuco n-ukuri bikwiye ka bwa muhinga. Uwo munyepolitike arangiza avuga ko ari abahinga b-ishirahamwe mpuzamakungu ONU bonyene bashoboye kwemeza ko ivyaha vyakozwe vyitwa izina iri canke ririya kuko nibo bonyene babishobye. Nayahandi hoho ngo yaba inama nkenguzamateka canke umurwi CVR  ntavyo bashoboye kuha izina ubwicanyi bwakozwe ico gihe ndetse n-inyuma yaho ko ndetse uza kusanga iyo mirwi kwari biri iza kuhengamira k-uruhande rumwe canke k-ubutegetsi abo nabo ugasanga hari ivyaha vy-ubwicanyi  bagiye barakora basanzwe bagirizwa.