UBM News ads
Sunday, December 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Cibitoke-Mabayi: Umutego w-abitwaje ibirwanisho bavuga ikinyarwanda wakomerekeje cane abasirikare b-uburundi bane.

Kubw-amakuru yo kwizera aturuka mu gisirikare c-uburundi kisanzwe kikorera muri komine Mabayi, atumenyesha ko abasirikare bagera kuri bane ari baraye bakomerekeye cane kuri uwu wa gatandatu mu mutego wakozwe n-umurwi w-abantu witwaje ibirwanisho uvuga ikinyarwanda mu gihe ico gisirikare cariko kirakizura mw-ishamba rya kibira neza na neza ku gacimbiri ka Ngara. Hari n-ayandi makuru yemezwa n-abasirikare bo mw-ako gace kabereyemwo uwo mutego avuga ko bamwe muri bagenzi babo boba bahasize ubuzima.L'opposition armée burundaise: état et capacité d'influence sur le régime de Nkurunziza - Groupe de recherche et d'information sur la paix et la sécurité

Kubwayo makuru nyene, yemeza ko umwe mu ntwazangabo yarari aho hari hahejeje kubera uwo mutego ngo yaciye yihutira gutabaza ku bandi bagenziwe ngo bihutire kurungika ikindi kisirikare kugira bashobore kukura mw-iryo shamba abo bari bahejeje gukomereka cane.

Tubamenyeshe ko iyo mihari  ivuga ikinyarwanda isanzwe icumbikiye mw-iryo shamba rya kibira nk-uko vyemezwa n-abanyagihugu bo mu makomine ya Bukinanyana na Mabayi ko bama babonye iyo mirwi inyuragiranwa mw-iryo shamba rya kibira.

Twobibutsa ko igihugu c-urwanda kitasiba kwagiriza Leta y-uburundi ko icumbikiye imihari y-abitwaje ibirwanisho yama yateye ico gihugu mu nyuma igaca ihunga isubira mu Burundi , Ivyo  Leta y-uburundi nayo yama yabeshuje.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments