Impari n-amakenga ku mafaranga yagenewe kusubirishamwo indege irerura umukuru w-igihugu.

0

Mu gihe igihugu c-uburundi kimaze igihe kirenga imyaka 10 kitagira indege irerura umukuru w-igihugu, bamwe n-abandi nubu baguma bibaza amafaranga imiriyoni z-amarundi amajana  bivurwa ko yagenewe buri mwaka gukoresha no gusubirishamwo indege irerura umukuru w-igihugu iyo asanzwe aguma ajanwa kukubera ko ngo bisanzwe bizwi ko iyo ndege atayihari.Burundi: President Evariste Ndayishimiye decides to go to Egypt instead of  going to make a final tribute to his father Magufuli – URN HITAMWONEZA

Barongera bagatangazwa n-ukuntu umukuru w-igihugu ahari ubu Evariste Ndayyishimiye aguma yipakiza iyo afashe ingendo hanze y-igihugu ahandi naho bikavurwa naho atawovyemeza ko arungikirwa indege n-abagenzi we b-abakuru b-ibihugu.

Igihe yari mu nama nshinga mateka gusigura uburyo bw-amafaranga Leta igiye gukoresha mu mwaka w-2021 ushira uwa 2022, umushikiranganji w-ikigega ca Leta Domisiyano Ndihokubwayo ariko abazwa n-abashingamateka ico kibazo c-uburyo buguma bugenerwa indege itahari yabishuye ko iyo ndege ibaho canke itabaho, iguruka canke itaguruka imiriyoni z-amafaranga y-amarundi zababa amajana ndwi agiye gusanura iyo ndege ariyo azoshirwa mu nteguro y-amafaranga igiye gukoresha uw-umwaka .

 

Abatari bake bakavuga ko ari uburyo Abategetsi bakomakomeye batoye mu kubicisha mu mategeko y-igihugu kugira banyonore ubutunzi bw-igihugu atacamira.