UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye arababazwa n’abarundi baba mu makungu bugaye inzira zose zinjiza amafaranga y’agaciro mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko ikibazo c’amafaranga mvamakungu atari vuba gutorerwa umuti kubera ko abarundi baba mu bihugu vyo hanze bita aba «diaspora» bamaze kwishingira ingene baza baravunjiranira amafaranga yabo hariya mu bihugu barimwo, ngo bakagaruka mu Burundi bikoreye amamiriyoni y’amarundi.

Mw’ihuriro ryari rimaze imisi ryiswe ‘Umuzinga day’ ryahuza abakorera mu gisata c’abigenga hamwe n’abo mu ntwaro, Perezida Ndayishimiye yagize ati :«ugasanga ari nk’uwagomba kurungika amafaranga mu Burundi bagaca baguza n’uwuri hariya agaca amubwira ati impa ayo madorare uwo wagomba kuyarungikira ace agenda kwa naka mu Burundi amuhe amarundi bakavunjiranira hariya I buraya za Amerika na Canada»

Yongeye agira ati :«None abantu bameze uko amazu yo kuvunja amafaranga y’amarundi akaba ari muri ivyo bihugu, ikibazo c’amafaranga mvamakungu tuzoheza tugitorere umuti gute kandi wumva ko inzira zose zo kwinjiza amafaranga mu gihugu zugawe?»

Ivyo Perezida Ndayishimiye abishikirije mu gihe igihugu c’uburundi kiriko gica mu bibazo vy’ubutunzi bitewe ahanini no kubura amafaranga y’agaciro, Ibiza bituma nk’ivya nkenerwa igihugu gikura hanze bica bigorana kuboneka mu gihugu. Twovuga nk’ibitoro, imiti, umwavu , n’ibindi,…Aho ayo mafaranga mvamakungu naho agize ngo arabonetse, aca avunjwa ku mafaranga y’umurengero. Mu masoko yo mu binywabi , ubu idorare ry’abanyamerika rivunjwa amafaranga ari hagati ya 4500 na 4600 Fbu nayo amanyaburaya ariko avunjwa hagati 4700 na 4800 Fbu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments