UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye yita «abamenja» abarangura igitoro mu Burundi kuko aribo batuma kibura.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi yise abasanzwe bakora urudandazwa rw’igitoro mu Burundi ko ari «abamenja» kuko kubwa Perezida Ndayishimiye ngo nibo batuma ico gitoro kibura mu gihugu. Varisito Ndayishimiye yabitangarije mu kiganiro «IKIYAGO NA SEBARUNDI» aheruka gutanga ahimbaza imyaka itatu amaze ku butegetsi.

Mw’ico kiganiro, Perezida Varisito Ndayishimiye yagize ati : «ikibazo c’igitoro ni ikintu cugaye ku buryo gukorana n’abarwizatunga badafise umutima wo gukunda igihugu , uba uriko ukorana n’abamenja mw’ijambo rimwe. (…) ehe nkwereke none nk’umuntu agenda akazana igitoro, kiruzuye kiri harya I Dar-es Salaam akavuga ati jewe nta wundi mpa Atari uwiwanje , ukemera abantu bakabura igitoro neza ngo ndagiha ama sitasiyo yanje gusa, none nkuyo si umugesera?» .

Tubamenyeshe ko igitoro co mu bwoko bwa essence na Mazout gisigaye ari nk’umuzi w’ibuye mu gihugu c’uburundi. Aho kigize kirabonetse , hibonekeza imirongo miremire y’imiduga igitondeye. Ubu inkwirikizi z’iryo kena ry’igitoro ziba ari nyishi mu gihugu: ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gihugu vyaciye biduga ku rugero runini cane , ibidandazwa bimwe bimwe bizanwa n’imiduga iva hagati mu gihugu vyaciye bizimba na vyone.

Ubuheruka Perezida Ndayishimiye yari yasezeraniye abarundi ko yifatiye mu minwe ikibazo c’igitoro maze aca ashinga ishirahamwe rya Leta REGIDESO risanzwe rijejwe gutanga amatara n’amazi mu gihugu, igikorwa co kurangura igitoro rikakizana mu Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments