UBM News ads

Biratangaje kubona ubumwe bwa buraya bwakira umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yagirizwa amabi yo guhonyanga agateka ka zina muntu, bivurwa n’ishirahamwe IDHB.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi ngo ntiyarakwiye guhabwa ikaze mu bihugu vya buraya kubera uruhara yagize mu guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. Ukwo niko bitangazwa n’ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Carina Tertsakian arirongoye abivuga mu gihe Gervais Ndirakobuca ari mu rugendo i Paris mu gihugu c’ubufaransa.

Ishirahamwe IDHB ryaraye risohoye itangazo kuri uyu wa kane aho ryiyamirije ukwidegemvya kw’umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi Gervais Ndirakobuca mu bihugu vya buraya mu gihe asanzwe yagirizwa ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
«Twasohoye iri tangazo mu ntumbero yo kwiyamiriza ukwitabira ibikorwa vy’inama mpuzamakungu kw’umushikiranganji wa mbere w’uburundi Gervais Ndirakobuca i Paris mu bufaransa. Nta muntu numwe amuyobewe cane cane mu bibi yakoze aho yaronka n’itazirano NDAKUGARIKA. Twasohoye iri tangazo dushaka kwerekana NDAKUGARIKA uwariwe n’amabi amuranga, kuvyo yakoze mu mwaka wa 2015 aho yagirizwa guhungabanya ubuzima bwa kiremwa muntu igihe yarashinzwe amabanga akomeye nko mw’iperereza no mu gipolisi no muri perezidasi. Uno musi Gervais Ndirakobuca ashaka gutanga ishusho ry’umunyapolitike w’ijunja ashira mu ngiro imigambi y’umukuru w’igihugu , ashaka kutwibagiza ivyamuranze muri kahise kiwe. Twatangaye co kimwe n’abarundi batari bake mu kumubona aje mu nama mpuzamakungu iriko ibera I Paris mu bufaransa» Niko Carina Tertsakian avuga.

Uwo mushakashatsi wo muri IDHB akababazwa kandi ko ata mwaka waruhaciye Gervais Ndirakobuca akuweko ibihano vyari vyafashwe n’ibihugu vy’ubumwe bwa buraya yagirizwa amabi yo guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi. «Ubumwe bwa buraya bwashimye gukorana n’abagirizwa ivyaha ndengerabutungane na rirya ata mutegetsi numwe yagirizwa gukora ivyo vyah arahagirikwa ngo afatwe mu gihugu c’uburundi» Niko Tertsakian yongeyeko avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments