UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye aribaza igituma «baptème» muri Kaminuza y’uburundi yakuweho n’ukuntu ngo yarifise ikimazi gikomeye.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye aribaza igituma umugirwa wo kwakira abanyeshure bashasha binjiye muri Kaminuza y’uburundi benshi bazi nka «baptème» wakuweho n’ukuntu ngo waruryoshe ukuntu watunganywa ndetse ukanagirira akamaro muri kazoza abanyeshure baba binjiye mw’iyo kaminuza.

«Irya baptème yari iryoshe. Ubatijwe muri kaminuza , baba bagukuyemwo agakoko. Kugira ngo ube umuntu babanza kugukuramwo ivyiyumviro vy’ubwana. (…) bavuze ngo umu poil ntiyiruka naho imvura yorwa, hariho ababitahura nabi . Ntibaba bavuze ngo ntiyugama, ni ukuvuga ko ari umuntu atagihugumbwa, atakijana n’abaja…» Niko Perezida Ndayishimiye yavuze hari ku musi ugira kabiri w’amasengesho yo guhimbaza imyaka itatu iheze atwara uburundi.
Ariko, Perezida Varisito Ndayishimiye aragaruka akibuka ubwiwe nyene ko «haje abantu babi bica , bakabababaza aho kubatiza nkuko bisanzwe».

Tubamenyeshe ko uyo mugirwa wo kubatiza abanyeshure baba binjiye muri kaminuza y’uburundi wahavuye ukurwaho burundu n’abarongoye iyo kaminuza y’uburundi kubera uyo mugirwa waza ukorwa nabi rimwe na rimwe abo banyeshure bashasha bagahohoterwa canke bakaburabuzwa mu bigo bitandukanye bigize iyo kaminuza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments