Perezida Ndayishimiye yifatira mu gahanga umumenyeshamakuru wa RFI mugutangaza ibijanye na COVID-19 mu Burundi.

0

Mu gihe mw-ijoro ryo kuri uyu wa gatanu ariho haba igiteramo kidasanzwe co gusezera abarundi baje bava mu mahanga,  Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarifatiye mu gahanga umumenyeshamakuru w-umurundi akorera iradiyo y-abafaransa RFI ko yipfuriza inabi igihugu ciwe mu gutangaza ko ikiza ca Covid-19 kiriko kiribonekeza mu Burundi ku rugero rudasanzwe.Burundi's Evariste Ndayishimiye sworn in as new president - Xinhua | English.news.cn

ˮHariho umurundi ababajwe n-uko Covid mu Burundi itaratwugarana, muhora mu mwumva ku maradiyo? avugira kuri RFI arababaye ngira ari mu kwiyahura kubera Covid itarugarana abarundi. Muramuhanura urya muntu basha , muramuhanura! Muramubwira muti abandi bamenyeshamakuru bo mu Burundi bariko bafasha mw-iterambere hamwe no gufasha  gusubiza hamwe abarundi kugira bagire umutima umwe. Uti none wewe ubahahamura uti baramaze kuba nk-ama blindé ntaco bakiba. Umuntu akavuga uno musi ko ibitaro vyuzuye abantu batakironka aho bivuriza kubera Covid, kandi ari umurundi? Niwe murundi w-umumenyeshamakuru asigaye wenyene arota uburundi burwa mu manga, arota abarundi bamarana, arota abarundi bapfa. Siwe azobona Covid irashitse neza ngo itwicarike. Uti urishinga ubacira imizi y-ikuzimu mngu yupo‟  Niko Perezida Varisito Ndayishimiye yavuze.

Naho Perezida Ndayishimiye atatomoye izina ry-uwo mu menyeshamakuru akorera ico kinyamakuru mpuzamakungu, ku basanzwe bakunda cane  kwumviriza RFI bemezako ari umumenyeshamakuru Esdras NDIKUMANA umukuru w-igihugu c-uburundi yavuze .

Abatari bake bumvirije ayo majambo  yashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi babona ko nyimba yavuze umumenyeshamakuru Esdras Ndikumana, nuko  ata kosa narimwe yakoze mugutangaza ukuri kujanye n-ico kiza mu gihugu c-uburundi , kuko n- abaganga bakorera mu burere bw-ubuvuzi bugize uburundi bamaze kwemeza  ko ico kiza kiriko kizana umurindi udasanzwe ndetse  utarunamenyerewe. Ikindi ngo nta gitangaje kubona umukuru w-igihugu c-uburundi yavuze ayo majambo kuko kuva Covid-19 ishitse ku butaka bw-uburundi baguma bayifata minenerwe kandi ari ikiza kiriko ciha inkumbi kw-isi.