Umunonotsi w-umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye abaye uwambere mu mahiganwa yo kwinonora ya Prefontaine-Classic yabereye muri Leta zunze ubumwe za Amerika yabaye kuri uyu wa 21 Myandagaro 2021.
Ku kirere kingana na 3.218,68m, Francine Niyonsaba yacirutse 9:00:75. Akaba yatsinze abakinyi bafise imidari y-inzahabu olympique2. Abo nabo ni Latesenbet Gidey na Hellen Obiri . Francine Niyonsaba akaba abaye umunonotsi agize kabiri kuva iryo higanwa ryo kwiruka ico kirere ritanguye, aho yahirutse umwanya muto.
Twobibutsa ko uwo munonotsi w-umurundikazi mu nkino za Jeux Olympiques zaheruka kubera i Tokyo mu gihugu c-ubuyapani atagize amahirwe yo gutsinda. Ariko ntivyamuciye intege yagumanye icizere ko muyandi mahiganwa azokwerekana ico ashoboye.
Recent Comments