`Ubushikiranganji bw-ubutungane buragabisha abashikirizamanza bafungira abantu ubusa ko bazobihanirwa.

0

Mu gihe kuri uyu wa gatandatu  yari yagiye kugarukira ku banyororo  bo mw-ibohero rikuru rya Gitega  ryari ryazindutse riterwa n-umuriro, Umushikiranganji w-ubutungane yaragabishije abashikirizamanza hamwe n-abacamanza  bihutira gufunga abantu badatohoje  neza ko ivyo bagirizwa arivyo canke ko vyoba bihuye  n-igihano co gufungwa.May be an image of 4 people, people standing and outdoors

ˮHarageze ko Leta y-uburundi ihagurukira ubutungane kandi abenegihugu bose bazobibona  bashime…‟ vyashikirijwe na Jeanine Nibizi.

M-urwo rugendo, Umushikiranganji Jeanine Nibizi yarumvirije abanyororo  batari bake aho ndetse yaciye ategeka kurekura umwe atabona afunzwe yagirizwa kuba yaragize uruhara mw-igandagurwa rya nyina wiwe hamwe n-umwigisha yisabiye ikigongwe yafunzwe biturutse ko yapfukamitse abanyeshure baca bakomereka ku mavi.

Kubw-uwo mushikiranganji  Leta igiye guhagurukira ubutungane  mu kuraba amadosiye y-abarenganijwe amenyekane, abacamanza  n-abashikirizamanza  babigizemwo uruhara babihanirwe.