UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye yaraye asubiye kandi kwagiriza u Rwanda kwarirwo rucumbikiye rukongera rugafasha RED-TABARA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko ibiganiro bari bamaze igihe bagirana n’urwanda kugira rubarungikire abaroberi b’umuhari RED-TABARA bacumbikiye mw’ico gihugu ngo kwari ugusuka inkore ku maso kugira ngo basamaze uburundi hama babwubire. Mw’ijambo yaraye ashikirije ryo kwipfuriza abarundi umwaka mushasha wa 2024, Varisito Ndayishimiye akaba kandi yongeye kwagiriza urwanda kuba rucumbikiye abarwanyi b’umuhari RED-TABARA hamwe no kubaha imfashanyo.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yamenyesheje ko uburundi arongoye bugiye gutaka amakungu kugira agondoze ubwo butegetsi bw’urwanda bwahaye indaro umuhari RED-TABARA ariko kandi agatera akamo abarundi bose kuba mugabo mu kwicungera kugira ngo batuze uwo muhari.

Varisito Ndayishimiye yagize ati:« kubijanye no gutuza uyo murwi w’iterabwoba, twari tumaze igihe tuganira n’ubuyobozi bw’igihugu c’urwanda ngo turabe ko bokwikubita agashi bagashikiriza ubutungane bw’uburundi abo bicanyi, ariko twaraye tubonye neza ko ivyo twataga kwari ukudusuka inkore ku maso ahubwo bagumye babaha uburyo bwose bukwiye ngo badusamaze hama batwubire. (…) Ico twiyemeje nuko tugiye gufata ingingo zose zishoboka kugira abana b’uburundi ntibasubire kugandagurwa bunyamaswa n’ivyo birara. Dusavye abarundi bose guhagarara magabo kuko uwo mutwe w’iterabwoba urasasiwe vyukuri indava n’igihugu kibanyi c’urwanda»

Tubamenyeshe ko igihugu c’urwanda giherutse kwiyamiriza ibirego vyashikirijwe na Perezida Ndayishimiye aho yagirije ico gihugu ko arico gihaye indaro kikongera kigafasha abarwanyi b’umuhari RED-TABARA. Urwanda rukaba rwavuze ko ata hantu namwe ruhuriye n’umuhari numwe w’abarwanyi uwari wo wose ukomoka mu Burundi.

Kuva mu mwaka 2021, imigenderanire y’uburundi n’urwanda yarasubiye kunaguka inyuma y’imyaka yababa indwi ivyo bihugu vyompi birabana ay’ingwe ahanini biturutse ku kiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza. Abasanzwe bakwirikiranira hagufi politike yo mu bihugu vyo mu karere basanga babona ko Uburundi n’urwanda bigeye gusubira kubana nabi bikazokwunyurwa hamwe umuhari RED-TABARA wokomeza ugaba ibitero ku Burundi. Ikindi, babona ni ubufatanye hagati ya Perezida Ndayishimiye na Perezida Tshisekedi wa Congo mu kurwanya umuhari M23, Umuhari benshi bavuga ko ushigikiwe n’igihugu c’urwanda naho bitavugirwa ahabona, ibishobora gutuma haduka intambara y’akarere hamwe atocokorwa mu kugira bayikinge.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments