UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’urwanda iratera ivyatsi ivyagiriji vya Perezida Ndayishimiye vyuko ifasha ikanaha indaro umuhari RED-TABARA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda irahakana ibirego yagirizwa na Perezida Ndayishimiye w’uburundi ko ishigikiye umuhari RED-TABARA urwanya ubutegetsi bwo mu Burundi.

Mw’itangazo ryaraye rishizwe ahabona kuri uyu wa gatanu, Leta y’urwanda iratera ivyatsi ibirego vya Perezida Ndayishimiye yashikirije kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu mu ntara ya Cankuzo, aho yavuze ko urwanda rufasha rukongera rugaha indaro umuhari RED-TABARA.

Mw’iryo tangazo ryasohowe n’ibiro vy’umuvugizi wa Leta y’urwanda, Urwanda ruributsa ko mu gufashanya hagati y’ibihugu vyompi, rwahaye Leta y’uburundi rubicishije mu nama mpuzamakungu y’akarere CIRGL abarwanyi bari binjiye ku butaka bwarwo.

Mu kurangiza iryo tangazo, Leta y’urwanda isaba ishimitse Leta y’uburundi kuza icisha ibibazo vyayo mu nzira ya diporomasi ariho vyoza bitorerwa umuti.

Ku ruhande rwa RED-TABARA, Uwo muhari ubicishije mw’itangazo waraye usohoye, urahakana ko ata gihugu na kimwe kiwufashe mu mugongo ko ari abarundi bonyene bawushigikira ngo kanatsinda ni ijwi ryabo mu vyo basaba ubutegetsi bw’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments