UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

MSD ibona ko Perezida Ndayishimiye ariko agira Urwanda nk’icitwazo ku bibazo bihanze uburundi n’abarundi.

Umugambwe MSD usanzwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi ubona ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atarakwiye guta imirarwe ku gihugu c’urwanda kuko ngo ingorane z’ubukene zugarije abarundi n’uburundi muri rusangi Atari u Rwanda rwabiteye. Umuvugizi w’uwo mugambwe Epithace Nshimirimana abona nyabuna ko u Rwanda rutoba icitwazo c’ibura ry’igitoro mu gihugu n’izindi ngorane zihanze uburundi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo RPA kuri uyu wa 1 Nzero 2024, Epithace Nshimirimana yagize ati :«Ku kibazo cerekeye amajambo twebwe tubona ko ateye isoni , umukuru w’igihugu ariko arakoresha mu kwagiriza igihugu c’urwanda, twebwe tubona ko biva ku bibazo umurengera vyugarije ubutegetsi bwa Ndayishimiye uno musi adashobora gutorera inyishu. Urwanda rero, tubona ko ruriko ruraba icitwazo c’ibibazo vy’umutekano muke Evariste Ndayishimiye yateje mu gihugu ca Congo mu kurungikayo abasirikare mu ntambara itaraba uburundi none muri kino gihe bariko baricwa banafatwa mpiri n’imirwi bahanganye. Urwanda ruriko ruraba icitwazo c’uko ata nyishi Leta y’uburundi ifise kwibura ry’igitoro riri mu gihugu, Urwanda ruriko ruba urwitwazo c’uko Leta ya Ndayishimiye ata nyishu ifise yibura ry’amafaranga y’agaciro, ata nyishu ifise y’ubukene butanguye gutuma abarundi uno musi bicwa n’inzara»

Ivyo umuvugizi w’umugambwe MSD abitangaje inyuma yaho Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye yagirije incuro zibiri igihugu kibanyi c’urwanda ko arico gihaye indaro kikongera kigafasha umuhari RED-TABARA, watangaje ko wafashe inzira y’ibigwanisho kugira igondoze Leta ya Gitega mu kwemera kwumviriza ivyo uwo muhari uvuga ko uriko urwanira.

Ku bijanye n’ubwicanyi buherutse guhitana abanyagihugu 20 bo ku musozi wa Vugizo wa Rubondo muri zone ya Gatumba, Umugambwe MSD usaba Leta y’uburundi kwemera hakajaho umurwi w’amatohoza wigenga . «…dusaba dushimitse Leta y’uburundi kwemera ko hashirwaho umurwi wigenga ubwira ukuri abarundi n’amakungu abahekuye igihugu , umurwi wigenga ushobora gushira ahabona , ushobora kwerekana abakoze burya bwicanyi bw’indenga kamere» Niko E.Nshimirimana asaba Leta y’uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments