Umukuru w’igihugu c’uburundi aheruka gutangaza ko yongeye abasirikare n’abapolisi imishahara. Bamwe mu bari mw’izo nzego z’umutekano bemeza ko imishahara yabo basanze yarwijwe na kabiri.
Mu gihe mu mpera z’ukwezi guheze ariho ishure kaminuza ry’igipolisi riri mu Mitakataka, mu ntara ya Bubuaza ryariko ritanga impamyabushobozi ku murwi ugira indwi, Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yari mu batumire b’iteka maze ahava atangaza inkuru nziza ku nzego z’umutekano n’iz’ukwivuna abansi ko umushahara wabo wongewe.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Ndayishimiye yagize ati :”…Duhejeje kwongera umushara w’abasirikare n’abapolisi . Ivyo rero vyategerezwa kubafasha gukora imigambi mito mito”
Umwe mu basirikare batoya atashimye ko tumuvuga izina yagize ati :”Jewe kuri konte yanje nagiye nsanga hiyongeyeko amafaranga atari make ndetse nabanje kurwa igihumura ndayabonye. Nukuri nukuri twarongewe bishimishijwe. Biraboneka ko barwije kabiri ku mushahara twahora duhembwa. Umukuru w’igihugu cacu ahangame ku ngoma kuba yarumvise amarira n’amaganya vyacu”
Ayandi makuru ava mu bagize inzego z’umutekano atumenyesha ko nabone bongewe ku rugero rushimishjwe .
Tubamenyeshe ko iyo ngingo yo kwongera imishahara abari mu nzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano yafashwe mu gihe hari hamaze igihe abari mw’izo nzego bafise agashavu ku kuntu bafashwe mu guhembwa imishahara y’intica ntikize mu gihe kandi ibintu nka vyose vyankenerwa vyaduze ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu.