UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

MSD isaba abagiye kwitabira inama y’abakuru b’ibihugu yo gusuzuma amahoro n’umutekano muri Congo kugondoza Leta ya Gitega iganire n’abatavuga rumwe.

Umugambwe MSD uvuga ko witeze vyinshi mu nama buca ihuza i Bujumbura abakuru b’ibihugu vyo mu karere. Uwurongoye uwo mugambwe yasavye abazitabira iyo nama kugondoza Leta ya Gitega ngo ikunde ishire mu ngiro kuvyari vyumvikanyweko ubuheruka kuko gushika ubu vyahereye mu majambo gusa. Alexis Sinduhije akaba anamenyesha ko yizeye abo bakuru b’ibihugu bazoboneraho akaryo ko kugondoza Leta ya Gitega ngo yemere iganire n’abo bitavugarumwe.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo Ijwi ry’abanyagihugu RPA kuri uyu wa gatanu, Alexis Sinduhije agira ati :

“Ikintu cambere twiteze kuri iyo nama nuko bashira mu ngiro ibintu bumvikanye kuko abakuru b’ibihugu mu nama nyishi ziheruka imwe yabereye i Kinshasa. Baravuze ko bazoshira imbere ibiganiro vya politike ariko gushika ubu haraheze imyaka ibiri gushika ubu bitaraja mu ngiro. Twebwe rero ico turondera turiko turahimiriza abakuru b’ibihugu yuko bashira mu ngiro ivyo bumvikanye ku neza y’abanyagihugu baho mu karere. Twebwe rero ibituraba abarundi, tuvuga ko abakuru b’ibihugu nibahimiriza Leta y’uburundi ikagiranira ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo kugira bagarukane amahoro mu gihugu kuko amahoro niyo yagaruka niko n’amahoro mu karere k’ibiyaga binini azoca aboneka”

Alexis Sinduhije arongera akibutsa ko ukugarukana amasezerano ya Arusha hamwe n’ibiganiro bidakumira ariyo nzira yonyene izotuma impunzi zihunguka n’amahoro akagaruka mu gihugu.

“twebwe dushaka yuko babwiriza irya Leta ikagarukana amasezerano ya Arusha kuko amasezerano ya Arusha niyo yazanye amahoro mu Burundi. Icizere kiriho kuko iyaba kitariho ntituba tubandanya turwanya irya Leta. Twebwe ntidukekeranya ko irya Leta ya CNDD-FDD tuzoyitsinda, ntidukekeranya namba na gatoya” Niko Sinduhije abandanya avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments