Kugirango impunzi z’abarundi ziri mu makambi atandukanye yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko zitahuke mu bwigenge , zisaba ibintu umunani bikurubikuru biri mu rwandiko izo mpunzi zandikiye umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye.
Navyo ibiri muri urwo rwandiko akaba ari ibi bikurikira:
-Ibiganiro hagati ya Leta n’impunzi kugira bahurize hamwe ku bikenewe kugira izo mpunzi zitahuke mu mahoro.
-Ukwigwiza ingendo z’abaserukira uburundi muri ivyo bihugu bihaye indaro izo mpunzi.
-Ugukwirikiza ivyavuye mu rubanza rwaciwe muri sentare y’akarere ka Afrika y’ubuseruko kugira amahoro aboneke.
-Gukwirikirana mu butungane abantu bose bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa.
-Kurekura atagisabwe impfungwa zose za politike .
-Guhagarika ibikorwa vyose bikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe CNDD-FDD hamwe no kubaka ibirwanisho.
-Guhagarika ibinyamakuru n’amaradiyo vyose bibiba urwanko n’amacakubiri mu gihugu.
-Kuraba neza ingene umurwi CVR utunganijwe kugira ngo ukore neza ataho uhengamiye kandi at aka mwana wa mama ukoresheje.
Abaserukira impunzi zahungiye mu bihugu vyo mu karere zitangaje ivyo inyuma yaho Leta y’uburundi irungikiye intumwa zayo mu makambi acumbikiye izo mpunzi ari mu bihugu vyo mu karere ka Afrika zizisaba ko zohunguka kuko ivyo zahunze vyaheze ko ndetse ubu igihugu c’uburundi ari nyabagendwa.