Perezida Ndayishimiye yahinyanyuye gushasha abagize Leta.

0

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye  yagenye kuri uyu wa 18 Munyonyo 2021 abashikiranganji bashasha . Bamwe mu bahahora barahindurirwa ubushikiranganji barongora.Le Renouveau على تويتر: "Sous la présidence du chef de l'Etat @GeneralNeva,  le conseil des ministres s'est réuni, le mercredi 19 mai 2021 au palais  présidentiel de Gitega. Sept points étaient inscrits

Nkuko tubisanga  mw-iryo tegeko ry-umukuru w-igihugu ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri,

  • Umushikiranganji w-ubutungane ni Domine BANYANKIMBONA yahora arongoye ubushikiranganji bw-abakozi ba Leta.
  • Umushikiranganji w-amagara y-abantu ni umuganga Sylvie NZEYIMANA.
  • Umushikiranganji w-abakozi ba Leta ni umuganga Thadée NDIKUMANA yahora arongoye ubushikiranganji bw-amagara y-abantu.
  • Umushikiranganji w-ubudandanji ni Marie-Chantal NIJIMBERE yahora arongoye ubushikiranganji bwo gutumanatumanako amakuru.
  • Umushikiranganji ajejwe gutumanatumanako amakuru n-ibimenyeshamakuru akaba ari Léocadie NDACAYISABA.