Leta Zunze ubumwe za Amerika zakuyeho ibihano hamwe n-ibihe bidasanzwe zari zafatiye uburundi

0

Igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika cakuyeho kuri uyu wa 18 Munyonyo 2021 ibihano  cari cafatiye igihugu c-uburundi mu mwaka w-2015. Iyo ngingo ikaba yafashwe na Perezida Joe Biden .The American President signs by decree the return of the United States to the Paris Agreement

Nkuko tubisanga k-urubuga rw-ibiro  vy-umukuru w-igihugu Joe Biden,  nuko imvo yatumye umukuru w-igihugu wa Leta Zunze ubumwe za Amerika ahagarika ivyo bihano harimwo no gushira uburundi ku rutonde rw-ibihugu bibangamiwe,ari uko igihugu c-uburundi kiriko kitera intambwe nziza kandi iboneka  mu bijanye no gutsimbataza amahoro n-umutekano.

Mw-iryo tangazo, Perezida Joe Biden amenyesha kandi  ko ashima ukuntu urubuga rwa politike rwifashe neza kuva inyuma y-amatora yo muri Rusama 2020. Arongera agashima muri rusangi uburongozi bwa Perezida Varisito Ndayishimiye hamwe n-ivyo amaze kurangura kuva ashitse ku butegetsi muri Ruheshi umwaka w-2020.