UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye yagirije urwanda guha indaro no gufasha abarwanyi ba RED-TABARA barwanya ubutegetsi bwiwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi yagirije igihugu c’urwanda ko arico gihaye indaro imirwi y’abarwanyi ba RED-TABARA bamaze imisi batera uburundi. Varisito Ndayishimiye agasigura ko iyo mirwi igaburirwa igahabwa indaro n’ibiro ikoreramwo n’igihugu c’urwanda.Perezida Ndayishimiye akaba yavyemeje kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu cabereye muri komine Kigamba mu ntara ya Cankuzo.

Varisito Ndayishimiye akaba yavuze ko ibiganiro hagati ya Leta y’uburundi n’urwanda bimaze imyaka irenga ibiri kugira urwanda rutange abagirizwa gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 ariko ngo vyaranse.

Uwo arongoye uburundi akaba yahanuye igihugu c’urwanda kwumva ibiganiro maze rugafasha kugira imigenderanire ikomere ibe myiza gusumba.

Mw’ico kiganiro kandi, Perezida Ndayishimiye akaba yemanze ku mugaragaro ko igihugu ciwe carungitse abasirikare mu gihugu ca Congo mu gufashanya n’ingabo za Leta ya Congo FARDC mu kurwanya umuhari M23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments