UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Kubera iki uburundi budasaba ideni mu makungu ryo gukora imigambi y’iterambere nk’ibindi bihugu vyo muri EAC?

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta asigura ko uburundi butemerewe gufata ideni ryo gukora imigambi y’iterambere nk’ibindi bihugu vya Afrika y’ubuseruko kubera ko bufise ubushobozi buke bwo kuryishura hamwe no kurikoresha neza. Ivyo Audace Niyonzima yavyishuye kuri uyu wa kabiri bamwe mu bashingamateka bariko bamubaza igituma uburundi budasaba ideni mu makungu mu kugira bukore neza imigambi y’iterambere.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta akaba yatanze akarorero igihugu ca Tanzaniya giheruka guhabwa ideni n’ibanki y’abikorera utwabo kugira umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi rihuza Tanzaniya na Congo riciye mu Burundi uzoranguke neza. Kubwa Audace Niyonzima, ngo ico gihugu cahawe iryo deni kubera ko cerekanye ubutunzi bwaco bukwiye.

Uwo mushikiranganji akemeza kandi ko kubona uburundi butaratera imbere, hari amashirahamwe mpuzamakungu yirinda kubuha ideni. Kubwiwe, ngo buronswa imfashanyo isubizwa ku nyungu ntoya. Yagize ati :«Dette concessionnelle, kenshi usanga baduha hagati y’imyaka itanu n’iyirenga, kugira ngo iryo deni urifashe ubanza ukarikoresha imigambi hama uze uryishure umugambi wagiye mu ngiro»

Audace Niyonzima akaba abona rero ko ideni rifata uwushobora kuryishura kandi ikindi koigikuru ari uko riba ryakoreshejwe ico ryagenewe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments