Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye aribaza igituma abandaza b’isukari ya SOSUMO bangana 817 batoshobora gushinga ihinguriro ryabo maze bakareka kwama barindiriye isukari iva muri SOSUMO. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa kane mu ntara ya Gitega mu mwiherero wamuhuje n’abasanzwe barangura isukari mw’ishirahamwe SOSUMO.
Perezida Ndayishimiye yagize :«Abadandaza isukari ya SOSUMO burya mugiye hamwe mwonanirwa no kwubaka ihinguriro ry’isukari?».
Arongerako kandi ati :«dufashe ko umudandaza wese atwara itoni imwe, dusanga musohora amafaranga arenga imiriyaridi zirenga zibiri uko isukari itanzwe. None burya mugiye hamwe mwonanirwa no kwiyubakiraihinguriro mukareka kwama murindiriye iyiva muri SOSUMO?»
Mw’uwo mwiherero, Perezida Varisito Ndayishimiye akaba yarababajwe cane n’abantu bafise imigambi mibi yo kuburabuza abanyagihugu mu guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, bakaduza ibiciro vyashinzwe na Leta canke bakanyegeza ibidandazwa na cane cane isukari. Aho yaciye amenyesha ko agiye guhigura n’abadandaza bariko baratoba urudandazwa rw’isukari.
Recent Comments