UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Francis Rohero arasigura igituma umugambi wa Leta wo kwubaka amagorofa i Bujumbura utakunda iki gihe.

UBM News ads

Francis Rohero, yahiganiye ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2020 abona ko umugambi mushasha wa Leta wo kwubaka inyubako nziza kandi zigezweho ari mwiza ariko ngo ntushobora gukunda mu gihe abarundi bari mu bukene bwokora amakara bugata. Francis Rohero agasigura ko inyubako z’amagorofa zokunda ko zubakwa mu gihe igihugu c’uburundi coba cifitiye igitoro canke ubutare bukwiye maze bigatuma abantu bubaka ayo mazu akeretsweko mu kanya gato.

Mu kiganiro yagiraniye kuri uyu wa gatatu n’abagenzi bacu b’iradiyo na Tereviziyo ISANGANIRO, Umunyepolitike ROHERO asaba Leta y’uburundi kwerekana uwo mugambi w’inyubako zigezweho hamwe n’amahera yo kuwushira mu ngiro gusumba kubwira abanyagihugu ngo biyubakire nayo ngo abatabishoboye bakwe aho baba hahabwe abandi.

Akibutsa ko Umugambi nk’uwo udakorwa n’umuntu ku gatwe kiwe ahubwo n’amahera ahabwa n’amabanki canke ama Leta bivanye n’ibikorwa bikomakomeye vy’iterambere. Uwo munyepolike akaba ashimangira ko uwo mugambi utegerezwa gukorwa bivanye n’ubutunzi bw’igihugu hamwe n’ubw’abanyagihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments