Ibiziga vy’abantu bishika kuri 12 bimaze kwononekara vyaratowe kuri uyu wa kane bihambwe mu kinogo rusangi, kiri muri zone ya Maramvya, ni muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura-Rural. Umwe mu banyagihugu yiboneye ivyo biziga yaduhaye amakuru avuga ko ivyo biziga vyoba vyazanywe n’imodoka yo mw’iperereza ivuye I Bujumbura maze iza kubita mw’ijoro mw’ico kibanza.
Ni mu gace bita ku Mugirigiri neza na neza hagati y’ibarabara rya 13 na 14 muri zone Maramvya ya komine Mutimbuzi ahatowe ivyo biziga biharurwa muri 12 bikaba vyari bihambwe mu kinogo rusangi hafi y’itongo ry’abapfuye ryaho nyene muri Zone ya Maramvya.
Umwe mu banyagihugu yiboneye ivyo biziga avuga ko ivyo biziga vyari bitekewe mu mifuko mininiminini. « vyari ibiziga birenga 10 bitekewe mu mifuko mininiminini . Twaramenye ko ivyo biziga vyazanywe kuwa mungu mw’ijoro nko mu ma sayine z’ijoro n’imodoka zibiri zo mw’iperereza zoba zaje ziva mu ntara ya Cibitoke. Icatweretse ivyo biziga ni imbwa ziyerera zaje kubizura aho vyari vyahambwe mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira uwa kane. Twarabonye ko ivyo biziga vyari vyatanguye kwononekara» Niko yatubwiye.
Uwo munyagihugu atashimye kwivuga izina yiboneye ivyo biziga abandanya amenyesha ko we n’abagenzi we bahejeje kubibona baciye bihutira guhamagara abajejwe intwaro muri ako gace. Abo n’abo harimwo na Musitanteri wa komine Mutimbuzi ngo bamaze kuhashika ngo baciye bategeka ko ico kinogo gicungerwa n’inzego z’umutekano. Amakuru duhabwa n’abanyagihugu bo mw’ako gace katowemwo ivyo biziga, yemeza ko itegeko rivuye hejuru mu bajejwe intwaro ryaratanzwe kuri uyu wa gatanu kugira ico kinogo gisubire gufurirwa biboneka.
Recent Comments