Perezida Ndayishimiye ntabona imvo uburundi buguma buri mu bihano bwafatiwe n-ubumwe bwa buraya.

0

Mu kiganiro yaraye ahaye ibinyamakuru vy-abafaransa arivyo  FRANCE24 hamwe na RFI mu gihe yararangije urugendo yahoramwo mu gihugu ca Congo, umukuru w-igihugu c-uburundi avuga ko hageze ko umuryango w-ubumwe bwa buraya wisubirako ku bihano vy-ubutunzi wafatiye igihugu c-uburundi kuva mu mwaka w-2016. Kubwa Perezida Ndayishimiye, ngo ntabona igituma igihugu arongoye kikiri mw-ivyo bihano.RDC-Burundi : Évariste Ndayishimiye à Kinshasa, ce lundi | La PrunelleRDC

Umukuru w-igihugu c-uburundi avuga ko ibiganiro vy-uwo muryango w-ubumwe bwa burayo vy-ukwiga ukwo igihugu arongoye co kurwako ibihano vyabaye kandi ko biriko bitera intambwe, na cane cane ku kibazo k-ic-agateka kazina muntu. Abajijwe ukwo agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi , Perezida Ndayishimiye yavugiye kw-ivyo binyamakuru mpuzamakungu ko hari abagizi ba nabi baza barinyegeza inyuma y-ivyiyumviro vya politike munyuma abajejwe umutekano hamwe n-ubutungane barabahagarika. Kubwiwe, ngo atangazwa n-abaguma bavuga ko abari mu migambwe itavuga rumwe baguma bahagarikwa kandi umugizi wa nabi bisanzwe bizwi ko atagira umugambwe.

Ku kibazo c-imigenderanire y-uburundi n-urwanda, Umukuru w-igihugu c-uburundi yamenyesheje kw-ivyo binyamakuru mpuzamakungu ko Intambwe iboneka iramaze guterwa ku mpande zose.

Tubamenyeshe ko amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu harimwo n-ayo mu gihugu yaheruka kwandikira abagize umuryango w-ubumwe bwa buraya ko batokwirahira ngo bakureko ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe uburundi kumvo y-uko agateka kazina muntu kaguma gahonyangwa n-abamwe bari mu butegetsi ko kandi mu vyasabwe Leta y-uburundi ko ihindura mu ntumbero y-uko isubira guhabwa imfashanyo n-ibike cane vyakozwe.