Mw-ikete Leta y-uburundi ibicishije k-ubushikiranganji bw-amasoko ntanga nguvu hamwe n-ubutare n-agataka bumenyesha ko amashirahamwe nka Tanganyika Mining Burundi ricukura ubutare bw-inzahabu mu ntara ya Cibitoke muri komine Mabayi hamwe na African Mining Burundi ryacukura inzahabu mu ntara ya Muyinga muri komine Butihinda ko yose ukwari abiri abaye arahagarikwa ivy-imfatakibanza mu kurindira ko hasubirwamwo amasezerano yasinyiraniwe hagati na Leta y-uburundi hamwe n-ayo mashirahamwe.
Ubushikiranganji bw-ubutare n-agataka hamwe n-amasoko ntanganguvu mw-iryo kete bwarungikiye ayo mashirahamwe buremeza ko kuva uruhusha rutanzwe hamaze kwibonekeza ihonyangwa ry-amasezerano bari barahanye mu bijanye n-amategeko agenga amashirahamwe yigenga acukura ubutare. Muvyo ubwo bushikiranganji bwashize ahabona harimwo: kudatanga imizibukiro ku banyagihugu ba nyene amayongo ariko yimbwamwo ubwo butare, kudatunganya neza ibinogo bimvyemwo ubwo butare, hamwe no kuba ko ayo mashirahamwe ata nyungu iboneka ariko azanira Leta y-uburundi.
Bamwe n-abandi harimwo ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kurwanya abarya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-ubutunzi bw-igihugu babona ko kubona ayo mashirahamwe acukura ubutare mu Burundi yabaye arahagarikwa ryoba ari ishirwa mu ngiro ry-ijambo rya Perezida Ndayishimiye yavuze kuwa 1 Mukakaro 2021 ku musi wo kwibuka imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye aho yagabishije abategetsi bamwe bamwe bagiriraniye amasezerano n-amashirahamwe mpuzamakungu acukura ubutare mu gihugu ko batagiye kwihanganirwa amasezerano basinyiraniye n-ayo mashirahamwe agiye gufutwa burundu kuko ngo basanze igihugu kiriko kirasahurwa izuba riva.





Recent Comments