UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abarundi bava mu mihingo itandukanye y’isi bagiye gukorera hamwe kugira bahabuze demokarasi n’intwaro ishingiye ku mategeko mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi barenga 50 bava mu mihingo itandukanye yo kw’isi bagizwe n’abari mu mashirahamwe yigenga, abanya migambwe, abamenyeshamakuru, abarundi baba hanze y’igihugu bita aba diaspora bahora mu mwiherero w’imisi itatu wabereye mu gihugu c’ububiligi mu ntara ya Liège. Urwo runani rw’abo barundi rukaba rwaraye rutangaje inyuma y’uwo mwiherero ko rugiye gukorera hamwe kugira bahabuze demokarasi hamwe n’intwaro ishingiye ku mategeko ruvuga ko bigeze aho umwansi ashaka mu Burundi.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu w’Imana n’iryo huriro, rivuga ko riteye intege abo bose bari mu nzira yo kubogora uburundi bumaze imyaka ireka cumi buri mu ngorane zitewe n’uko Leta ya CNDD-FDD iterekwa ibiganiro vya politike.

Uwo murwi w’abo barundi wagiye hamwe kugira uhabuze demokarasi n’intwaro ishingiye ku mategeko mu Burundi usaba amakungu kugondoza Leta y’uburundi kuja mu biganiro vya politike bidakumira birimwo abanyepolitike n’zindi mpande zose zaba izo mu gihugu canke hanze y’igihugu.

Urwo runani rukasozera ruhamagariraabarundi kutemera kubandanya bacinyizwa n’intwaro uvuga ko ari iy’agahotoro y’umugambwe CNDD-FDD.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments