Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko Leta arongoye yiteguriye kuganira n’umuntu wese canke umurwi batavuga rumwe mu ntumbero yo kwubaka igihugu. Varisito Ndayishimiye yabitangaje kuri uyu wa kabiri igihe yariko agirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Ndayishimiye yamenyesheje ko imihari irwanya ubutegetsi nka RED-TABARA na FNL ya Aloys NZABAMPEMA atari imihari y’iterabwoba yo gutuza ko ahubwo ari abarundi bo guha ikaze bakakirwa mu gihugu.
Kw’ivyo vyatangajwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi, Bamwe babona ko yoba yashatse kuba arategura kare imitima abarundi na cane cane abaturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, kuko babona ko iyo mvugo ya Varisito Ndayishimiye izoba ije kuvuguruza amajambo yama yashikirijwe n’abategetsi bakomakomeye b’igihugu ko batazopfa bemeye kuganira n’abashatse guhirika ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015 hamwe n’imihari irwanya ubutegetsi nka RED-TABARA yiswe n’ubwo butegetsi nyene ko ari umuhari w’iterabwoba bafatiye ku bitero bitandukanye uwo muhari wama wakoze mu gihugu. Abandi nabo bati zoba ari inguvu z’abafasha uburundi nk’umuryango w’ubumwe bwa buraya bariko bashira kuri Leta y’uburundi kugira itinde igondozwe yemere iganire n’abarundi bari mu buhungiro bitewe n’indyane zatewe n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Hamwe uburundi bwoshira mu ngiro ivyo busabwa n’amakungu bwoca busubira kuronka imfashanyo zikwiye maze abarundi n’uburundi bakiruhutsa ubukene burenze bazoba bamazemwo igihe.





Recent Comments