Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko azi igipfunze umuganga SAHABO Christophe yahora arongoye ibitaro KIRA . Perezida Ndayishimiye akavuga ko Dr SAHABO yagirizwa icaha co gusahura ubutunzi bw’igihugu. Kubwa Varisito Ndayishimiye, ngo iyaba ubutungane bw’uburundi bukora ico bwategerezwa, Umuganga SAHABO aba yaraciriwe urubanza agashirwa mu mvuto. Umukuru w’igihugu c’uburundi yabitangaje kuri uyu wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Ivyo umukuru w’igihugu c’uburundi yabishikirije inyuma y’ihagarikwa rya Muganga SAHABO hari kuwa mbere Ndamukiza 2022; ihagarikwa ryakurikiwe no gufungirwa mu gasho k’iperereza i Bujumbura. Ifatwa n’ifungwa ry’umuganga SAHABO bivurwa ko ryahagarikiwe n’umwe mu bakozi b’iperereza akomeye yitwa Alfred Innocent Museremu , uwo nawe akaba arongoye iperereza hagati mu gihugu hamwe na Charles Ndagijimana arongoye ishirahamwe SOCABU, iryo naryo rikaba risanzwe riri mu banyamitahe bo mu bitaro KIRA HOSPITAL. Inyuma yaho, Charles Ndagijimana yahavuye ashirwaho na bamwe mu bategetsi kurongora urwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro maze aba arahawe kuvuga ijambo rya nyuma mw’ivyo bitaro.
Recent Comments