Perezida Ndayishimiye yipfuza ko hatosubira kuba umurundi numwe yitwa «impunzi».

0

Perezida Ndayishimiye yipfuza ko hatosubira kuba umurundi numwe yitwa «impunzi».

Image

Umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye yaraye yongeye gusubira gutera akamo abarundi bose bari mu buhungiro ngo bahunguke.Varisito Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa gatanu, Ku musi ugira kabiri w-amasengesho yari yatunganijwe n-umugambwe CNDD-FDD.

Mw-ayo masengesho, Perezida Ndayishimiye yamenyesheje ko atipfuza gususubira kwumva ijambo «impunzi» ribandanya kwitwa umurundi, yabivuze uku :« … Abarundi bose iyo bava bakagera ntidusubire kwumva icitwa impunzi . Iryo jambo rifudike, abarundi bose ni batahe twubake kuko Imana igombe yikorere mw-iki gihugu cacu iduhe isezerano kugira uburundi butunge, butunganirwe.»

Naho umukuru w-igihugu c-uburundi abandanya ahamagarira abarundi bari mu buhungiro gutahuka ku bwinshi bakaza kwubaka igihugu cabibarutse, Zimwe mu mpunzi zozo zibona ko ako kamo kama kashikirijwe na Perezida Ndayishimiye ko guhunguka kadafashe na gatoyi kuko hari ibituma vyishi zatumye zihunga kandi nubu bitarava mu nzira. Akarorero, ni ak-ihonyangwa ry-agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa  mu gihugu aho abantu baguma batorwa ibiziga abandi bakaburwa irengero hamwe reron-abarundi isinzi bafungiwe ivyiyumviro vya politike batararekurwa hatibagiwe n-iterabwoba ribandanya rikorwa n-urwaruka rw-imbonerakure , urwo narwo rukaba rwegamiye umugambwe CNDD-FDD ari nawo Perezida Ndayishimiye akomokamwo.