Ibombora bombora rirabandanya mu mugambwe CNDD.

0

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Nzero 2022, Komite Nshingwabikorwa y-umugambwe CNDD urongowe n-uwahoze ari umushingamateka Leonard Nyangoma  yarakoranye maze ica isubiriza yongera irafuta mu mugambwe abanywanyi b-uwo mugambwe baheruka  kutangaza ku binyamakuru  mw-iy-indwi turiko tusozera  ko bashinze komite ngarukira mugambwe  maze bakura Nyangoma Leonard mu burongozi bw-umugambwe CNDD bamusubiriza na Gaspard Kobako yahora ari umuvugizi w-uwo mugambwe.Stream Honorable NYANGOMA Léonard by Radio BUJUMBURA Internationale |  Listen online for free on SoundCloud

Gspard Kobako yahoze ari umuvugizi wa CNDD yaciye asubirizwa n-umukenyezi Godeberthe Nshimirimana , mw-ico kibanza c-umuvugizi. Basabose Jean-Claude, yarasanzwe ari umunyamabanga nshingwabikorwa w-uwo mugambwe , nawe nyene yasubirijwe n-umupfasoni yitwa Rose Ntakarutimana. Uwo mupfasoni Rose akazofashanya mw-ayo mabanga n-uwitwa Salvator Sunzu.Image