Abasirikare bari mu butumwa bwa AMISOM bagiye kugabanywamwo abagera 8000 mw’uw’umwaka wa 2022.

0

Abasirikare bari mu butumwa bwa AMISOM bagiye kugabanywamwo abagera 8000 mw’uw’umwaka wa 2022.

Somalie: Le Conseil de sécurité proroge de trois mois le mandat de l'AMISOM  - Afrique Diplomatique

Inteko z-abasirikare bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya bari mu butumwa bwa AMISOM bagiye kugabanywamwo abagera ibihumbi munani (8000) gushika mu kwezi kwa kigarama 2022. Inteko za AMISOM zitegekanijwe ko zizoguma zibandanya ku mirimo kugera mu mpera z-umwaka w-2023. Biri mu butumwa abarongoye inteko za AMISOM  barungikiye mw-ibanga umuryango w-ubumwe bwa Afrika, mu ntumbero yo gusozera neza ibikorwa vya AMISOM.

Muri urwo rwandiko rw-impapuro umunani rwandikiwe inama y-amahoro n-umutekano mu muryango w-ubumwe bwa Afrika, Umukuru w-inteko za AMISOM, Lieutenant –Géneral Diomède Ndegeya avuga ko mu ntumbero yo gusozera neza ibikorwa vya AMISOM, Hategekanijwe igabanywa ry-abasirikare bangana ibihumbi bine gushika mu kwezi kwa Ruheshi uy-umwaka w-2022. Nkuko biri mw-urwo rwandiko nyene, hategekanijwe kandi kugabanywa abandi basirikare ibihumbi bine kuva muri mukakaro gushika muri Kigarama 2022. Igabanywa rya nyuma ry-abasirikare ibihumbi bitanu rizoba hagati y-umwaka w-2023 n-umwaka w-2024 nkuko biri mw-urwo rwandiko rwo mw-ibanga .

Umuryango w-ubumwe bwa Afrika wari wasavye ko inyuma y-iryo gabanywa ry-abasirikare, abapolisi boca bongerezwa . Abarongoye inteko za AMISOM bakaba bafise amakenga  kuko akazi k-abapolisi naho akazi k-abasirikare kagabuwe  naho ivyo bakora basenyera ku mugozi umwe.

Twobamenyesha ko igihugu c-uburundi kiri mu bihugu bigira kabiri bifise abasirikare benshi muri AMISOM, aho uburundi bufiseyo inteko z-abasirikare zirenga ibihumbi bine, Igihugu ari ica mbere gifiseyo abasirikare benshi akaba ari  Uganda.